Umwungere Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega, Musenyeri Bonaventure Nahimana, yaburiye abakristu ko Alessandro Maria Minutella, aheruka guca muri paruwasi Bukirasazi, atari mu bumwe n'Ekleziya Gatolika. Yababwiye ko abazokurikira inyigisho ziwe bazoba bariko barikura muri Ekleziya.
Ivyo biri mw'ikete Umwungere Mukuru yashizeko umukono ku wa 22 Gitugutu 2026, ryandikiwe abakristu bose ba Diyoseze Nkuru ya Gitega.
Muri iryo kete, Musenyeri Nahimana avuga ko Minutella yaciye muri iyo Diyoseze, na canecane muri paruwasi Bukirasazi, akoranya abana benshi n'abenegihugu. Ngo yababwiye ko aje kubafasha kandi ko azokwubaka ikigo citiriwe Bikira Mariya Nyina wa Jambo.
Uwo mugabo ngo agenda avuga Bikira Mariya, atanga amashapule, arondera n'abasore bokwinjira mw'iseminari. Ngo mbere agomba gutanguza umuryango w'ababikira.
Amakuru twamenye ni uko aho yaza i Bukirasazi yaciye ku bajejwe intwaro atigeze aca kwa Patiri mukuru nk'uko biba bitunganijwe mu ndinganizo ya Ekleziya. Ivyatumye Patiri mukuru w'iyo paruwase yima abakinyi yari yahaye impuzu zo gukinana (maillots) gukinira umupira w'amaguru ku kibuga ca paruwase.
"Ntari mu bumwe n'Ekleziya"
Umwungere Mukuru wa Gitega yashimitse ko Minutella atakiri umusaserdoti yemewe na Ekleziya Gatolika.
Yagize ati: "Nagira ndabamenyeshe ko uyo muntu atari mu bumwe n'Ekleziya, kuko kuva mu mwaka w'2018, kubw'igihano yaciriwe hisunzwe ingingo y'amategeko y'Ekleziya n° 1364, vyongeye kandi yarirukanywe mu busaserdoti."
Musenyeri Nahimana yisunze ingingo ya 292 y'igitabu c'amategeko y'Ekleziya. Yasiguye ko uwirukanywe mu busaserdoti aba atakaje ububasha bwo kurangura ibikorwa vyose vy'ubusaserdoti.
Ingingo ya 1364 y'amategeko y'Ekleziya Gatolika ihana abigisha inyigisho zihuvya (hérétiques), abihakanye ukwemera n'abitandukanya n'ubumwe bw'Ekleziya (schisme). Igihano kirimwo n'ugucibwa muri Ekleziya.
Abakristu baburiwe
Ikete rivuga ko abakristu bazokurikira inyigisho za Minutella "bazoba bariko barikura mu muryango w'Ekleziya Gatolika". Ngo bazofatwa n'ibihano nk'ivyo yafatiwe, bimuca muri Ekleziya.
Musenyeri Nahimana yasavye abamenye iyo nkuru kuyimenyesha abandi. Yasavye canecane ko imenyeshwa abo ku mutumba wa Muremera, aho Minutella avuga ko azokwubaka ico kigo ciwe.
Minutella ni nde?
Alessandro Maria Minutella ni umupatiri w'Umutaliyano akomoka i Palermo. Yamenyekanye cane kubera yanse kwemera Papa Fransisko nk'Umwungere w'ukuri wa Ekleziya. Muri 2018 yaciwe muri Ekleziya Gatolika, aca arirukanwa mu busaserdoti.
Kuva ico gihe, yagumye akoranya abamukurikira mu bihugu bitandukanye. Abenshi muri bo abashikira biciye ku mbuga ngurukanabumenyi akoresheje imbuga zitandukanye harimwo urubuga rwa Facebook Radio Domina Nostra.


Laisser un commentaire