Muri iri ci turangije, umwe mu bantu bakurikiranwa cane ku rubuga X yaratanze ubutumwa bw’umuntu yamwandikiye yibaza nimba abakora umwuga wo gutwenza mu Burundi bose babwirizwa gutera inkuru zifatira ku makaritiye atandukanye agize igisagara. Uretse kuvugisha abatari bake, ico kibazo ni kimwe mu vyotuma hibazwa n’ingene abo banyamwuga basanzwe bawukora mu rusangi.
Iyo bafise igiteramo, aba comédiens ntibaca baja ku rubuga ngo batwengere abantu ata co bateguye. Barafata umwanya wo kwandika inkuru no kuzitunganya kugira bazishikirize neza ababa baje kubaraba.
None ko abakora umwuga wo gutwenza mu Burundi bakunze gutumwa agatoki ko badategura canke ngo bakorane, ukuri ni ukuhe ? Twaraganiriye n’abakora uwo mwuga batandukanye kugira ngo batwihure kuri ico kibazo ubwabo.
Kuri Kim Kiwi na Hypolite Bakari, ivyo bategura bivana n’aho batumiwe gukorera igiteramo. Aho ni ho bahera bamenya inkuru bokwibandako n’ivyo bokina. Kim Kiwi wewe, ntagarukira gusa ku kwandika inkuru. Avuga ko, imbere yo kuja ku kuzivuga, abanza kuzipima biciye ku bagenzi biwe canke ku bo mu muryango wiwe, kugira arabe ko zifise ico zishobora gutwenza.
Barafashanya, ariko ntibigishanya
Abaganiriye na Iris News bahuriza ku ciyumviro c’uko abakora umwuga wo gutwenza mu Burundi bafashanya. Kimwe mu bimenyamenya ni uko iyo hari igiteramo, bakunda gutumirana kugira bakorane.
Hypolite Bakari arashima ahubwo ubwo bumwe ati: « Aba Comédiens bo mu Burundi bafise urukundo runini. » Avuga ko ibiteramo bikomeye vya mbere yitabiriye yabishitseko abifashijwemwo na Kigingi na Michael Sengazi, bamwe mu bamaze kumenyekana cane muri uwo mwuga. Kim Kiwi, Marcellin na Kuba Kuuba na bo bari mu bamufashije mu ntango z’urugendo rwiwe muri comédie.
Yamara nubwo biri uko, iyo bigeze ku kwigishanya umwuga, si ko vyifashe. Raoul Le Comédien avuga ko naho bafashanya, umwe wese ari we ahanini yiyigisha biciye ku bikorwa vy’abandi no ku makosa yakoze ati: « Mvuze ko twoba twigishanya noba mbeshe ariko umwe wese arashobora kwiyigisha afatiye ku kuntu abandi bakora canke afatiye ku makosa yakoze agaca ayakosora mu nyuma. »
Abamenyekanye barafasha abataramenyekana ?
Naho hari abibaza ko abamaze kumenyekana muri comédie badaha amahirwe abagitangura, abo twaganiriye barahakana ivyo bivugwa. Bavuga ko ugufashanya kubaho, naho bitabuza ko hari uwushobora kwumva ko yakumiwe.
Raoul Le Comédien amaze imyaka myinshi muri uwo mwuga, avuga ko abavuga ko ata gufashanya kubaho bashobora kuba batazi neza uko ibintu vyifashe ati: « Abavuga ivyo barashikuza kuko n'abantu baturabira kure baravuga ko muba Comédiens hakiriho umutima wo gufashanya uravye uko duhana amahirwe yo kuja mu biteramo bitandukanye. »
Ariko yemera ko hari n’abashobora kuba barahuye n’ivyo bibazo, bigatuma bavuga ko ata gufashanya kubaho.
Kim Kiwi, umu comédien ava mu ntara ya Gitega, na we avuga ko abo amaze gukorana na bo bamwakira neza iyo ashitse i Bujumbura. Barakorana, bagasangira, kandi rimwe na rimwe bagahanahana n’inkuru zo gukinira ku rubuga.
Hypolite Bakari na we asaba abavuga ko abamenyekanye badashigikira abato kwibaza aho bamwe mu bakora uwo mwuga baba bageze iyo bataba barafashijwe ati : « Ego twemere ko aba Star muri Comédie badafasha abato, none jewe uyu musi mba ndi hehe yaba ntafashijwe ? » Ariko yongerako ko gufashwa bisaba ko uwukeneye ubufasha abwerekana kandi akaburondera.
Gufashwa ego, ariko gukora cane ni ngombwa
Rocher Le Comédien aragaruka agashimikira ku ruhara rw’uwipfuza gutera imbere. Avuga ko kugira umuntu aronke ubufasha, bikenewe ko aba afise ivyo ashoboye kandi ashobora kwerekana.
Yongerako ko hari abatangura comédie bataramenya neza umuce w’ubuhinga bwabo. Bamwe bashobora kuba bafise impano yo gukina amareresi canke gutera ivyese, ariko bakibona nk’abakora comédie. Iyo babibwiwe, hari abavyakira nk’aho ari ukubinuba, kandi uwababwiye ashobora kuba yashaka kubafasha gutahura neza impano zabo.
Rocher ahanura cane cane abataramenyekana ko bokora cane, kuko na we ubwiwe atigeze aronka ubufasha bwose yipfuza igihe yatangura. Avuga ko n’ubu agifise urugendo rwo gukora.
Abandanya avuga ko kugira atere imbere yize no kwikurikirana biciye kuri internet, arondera ubumenyi atashoboye kuronka kuri bakuru biwe ati: « Si vyiza guta ikosa kubadufashije, ikibi ni uguca ucika intege kubera udafashijwe. »
Buri gihe c’ici mu Burundi, hari ibiteramo vy’abakora umwuga wo gutwenza biza vyaramaze kuba akamenyero kuko biza birisubiriza. Muri ivyo biteramo, ugutumirana hagati bisa naho vyabaye umugenzo. Abamaze kwigira imbere baratumira batoya babo, n’abatarashika kure bakagira gutyo mu gutumira bakuru babo.


