Révérien Ndikuriyo, nyene umugwi Aigle Noir wo mu ntara ya Makamba, agabisha ko hari abakinyi bashobora gukurwa mu mugwi wa mbere, bivuye ku musaruro utamushimishije uwo mugwi umaze kwerekana muri uyu mwaka w’ihiganwa.
Ivyo yabishikirije inyuma y’aho Aigle Noir itsindiwe na Rukinzo FC igitsindo 1-0.
Ndikuriyo avuga ko mu nkino umunani Aigle Noir imaze gukina, uwo mugwi waronse amanota 12 kuri 24 yari gushobora kuronka. Aigle Noir imaze gutsinda inkino zitatu, kunganya zitatu no gutsindwa zibiri.
Avuga ko mu gihe umusaruro utogenda neza mu nkino zisigaye ngo igice ca mbere c’ihiganwa kirangire, hari abakinyi bazomanurwa mu mugwi wa kabiri wa Aigle Noir, abandi bakajanwa muri Panthère Noire, uwundi mugwi ushamikiye kuri Aigle Noir na wo ukina mu cicaro ca mbere.
Abo bakinyi bazokurwa mu mugwi wa mbere bazosubirirwa n’abandi bavuye muri Aigle Noir B canke muri Panthère Noire. Ndikuriyo avuga ko abo bakinyi na bo nyene bafise ubushobozi bwo gukina mu mugwi wa mbere, ariko ko bisaba kubamenyereza kugira bashobore kuvyerekana.
Mu gusigura ibitagenda neza, Ndikuriyo avuga ko hari abakinyi bakina basa n’abatagira icizere, abandi na bo bakagaragara nk’abarushe. Yerekana kandi amakosa y’ubuhinga amwe amwe akorwa n’abakinyi, akabashikana ku guhabwa amakarata.
Avuga ko ukwo gukina kutandukanye n’ukwo Aigle Noir yerekanye mu myaka cumi iheze.
Ibi bishikirijwe mu gihe Aigle Noir iri mu migwi yaguze abakinyi benshi bashasha muri uyu mwaka, harimwo abanyamahanga bavuye mu bihugu bitandukanye, nka Côte d’Ivoire, Mali na Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo (RDC).


Laisser un commentaire